Koreya zombi zumvikanye kwirinda ivyokwega intambara

Ahavuye isanamu, Pool
Aho basozera inama igiye muri kahise gakomeye, abakuru ba Koreya ya ruguru n'iy'epfo bashize umukono ku masezerano agamije kunagura umubano no gukumira ico cose cokwega intambara.
Ari imbere y'ibitangazamakuru mpuzamakungu, umurongozi wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, yavuze ko ata mpamvu n'imwe yotuma Koreya zombi zitana mu mitwe, asubira kwemanga ko yipfuza amahoro.
Yavuze ko ivyo bihugu bibiri vyari bikwiye kuba igihugu kimwe, ariko ntiyigeze avuga ku mugambi w'igihugu ciwe wo guhingura ibirwanisho.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Koreya y'epfo, Moon Jae-in, yavuze ko Kim yemanze yuko yiyemeje guheraheza umugambi wo gusambura ibirwanisho ruhonyanganda mu mazinga ya Koreya.
Ngo ikigamijwe ni gushika ku mahoro aramye no kwerekeza mu ntumbere yo kubona ibintu ukundi kuri ino si.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwumvikano washitsweko wemerera imiryango yatatanye kubera urubibe hagati y'uburaruko n'ubumanuko, gusubira guhura kandi hakubakwa inzira ya gari ya moshi n'amabarabara asanzwe ku rubibe.






