Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afuganistani yumvikanye n'abatalibani guhagarika ingwano
Umugwi w'abatalibani wahaye leta ya Afuganistani iminsi itatu yo guhagarika ingwano kubera umunsi mukuru wa Ramazani, ubwa mbere kuva igihe womorewe n'abanyamerika mu 2001.
Uwo mugwi wavuze ko uzohagarika ibitero kuri uwo munsi mukuru, kiretse ku ntego zo hanze.
Iryo tangazo risohotse haheze amasaha abagwanyi b'uwo mugwi biciye abasirikare 60 ba leta mu gihugu cose.
Prezida wa Afuganistani Ashraf Ghani yavuze ko iyo ngingo ifashwe n'umuhari w'abatalibani ari akaryo kugira ngo abo bagwanyi babone ko "ubwicanyi bakora" budatuma bakundwa n'abanyagihugu ahubwo butuma baguma bumva ko bakwiye kubitandukanyako.
Hamaze kuba kenshi ibiganiro hamwe n'amasezerano yo guhagarika ingwano ariko ataco vyashitseko.
Kubera iki ubu?
Ako gahengwe gatanzwe inyuma y'aho abanyamadini bagiriye inama mu ntango z'ino ndwi bakavuga ko ubwicanyi bukogwa n'abagwanyi b'abatalibani ataho bwemewe mw'idini rya Islamu.
Abo bavugabutumwa baciye bagabwako igitero c'ubwiyahuzi cemanzwe na leta y'iki Islamu IS, cica abantu 14 i Kabul muri ino ndwi.
Abo batalibani ntibasiguye igituma bemeye ako gahengwe mw'itangazo basohoye, ariko bemera ko bazorekura abanyororo bo mu ngwano mu gihe ata ngwano yoba ibandanije.
Uwo mugwi wamenyesheje ariko ko bitazowubuza "kwivuna wivuye inyuma" igihe woba utewe. However, the group warned that it would "strongly defend" itself if it came under attack.
Ubutegetsi bwa Afuganistani n'amakungu bakeje iyo ntambwe, bavuga ko ari intambwe nini mu nzira yo kuzana amahoro.
Ingwano imaze kwonona ibingana iki?
Amakuru yerekeye uguhagarika ingwano asa naho ataco yafashije mu gihugu.
Ku wa gatandatu honyene, abasirikare barenga 60 b'igihugu barishwe mu bitero bitandukanye vy'abatalibani:
- Abasirikare 23 barishwe abandi icenda barakomereka mu bumanuko mu ntara ya Kandahar, abandi 17 bicwa ahitwa Herat, mu burengero
- Abapolisi 19 police biciwe mu buraruko bushira ubuseruko mu ntara ya Kunduz
- Abandi batandatu baricwa, indwi barakomereka mu bumanuko mu ntara ya Sar-e-Pol
Abanya Afuganistani ibihumbi mirongo nibo bamaze kwicwa kuva igihe Amerika ikuriye abatalibani ku butegetsi mu 2001.
Abatalibani bagenzura igihugu ku ruhe rugero?
Kuva igihe Amerika ikuriye bamwe mu basirikare bayo muri Afuganistani mu 2014, abatalibani barigaruriye uduce twinshi, ibitero vyabo biriyongera cane.
Kw'ikarata iri munsi biribonekeza ko abatalibani bagenzura akarere kanini ko mu bumanuko (ibara ry'ivu).