Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatama babiri bishwe barashwe na Al-Shabab muri Somalia
Abatama babiri bishwe barashwe n'intagondwa za Al-Shabab mu duce dutandukanye tw'umugwa mukuru Mogadishu, mu gihugu ca Somalia.
Haraheze igihe abanya Somalia bafise umwitwarariko munini ku gitigiri ciyongera c'abantu Al-Shabab ihiga umwumwe, munyuma ikica.
Muri bino bitero bibiri vya nyuma co kimwe no mu bindi vyinshi vyo mu ndwi za vuba, ubwo bwicanyi bukogwa ku murango izuba riva, nta mupolisi canke umusirikare agerageza kubuhagarika.
Mu kugerageza gutera ubwoba abanyagihugu, Al Shabab yarafashe amashusho ya video, iyasanzaje ku mbuga hwaniro.
Ku munsi wa kabiri abanyepolitike batatu hamwe n'abasirikare batandatu babacunze barishwe, baguye mu mutego wa Al-Shabab mu buraruko bwa Mogadishu.