Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu indwi boba bishwe n'intagondwa z'aba Islamu muri Mozambique
Abantu indwi boba bishwe n'intagondwa z'aba Islamu mu buraruko bwa Mozambique, inzu ziharugwa mu mirongo ziraturigwa.
Igipolisi kivuga ko abo bantu bicishijwe imipanga, kikibaza ko uwo mugwi ariwo woba waheruka kwica abantu cumi ubaciye imitwe mu kwezi guheze.
Kuva mu kwezi kw'icumi, umugwi uzwi muri ako karere kw'izina rya Al-Shabab umaze kugaba ibitero vyinshi mu ntara ya Cabo Delgado.
Nta cemeza ko uwo mugwi woba ucuditse n'imigwi y'aba jihadistes yo hanze.
Ku munsi wa Mungu, igipolisi ca Mozambique cavuze ko cishe intagondwa icenda muri ako karere nyene, gikingira ikigwati cagira gitegwe.