Putin: Uburusiya nta mugambi wo gucanishamwo abanya Buraya bufise

Prezida Vladimir Putin yavuze ashimitse ko Uburusiya budafise umugambi wo kuryanisha abanyagihugu bo mu muryango w'ibihugu vya Buraya.

Yashikirije ayo majambo imbere yuko ashika mu gihugu ca Autriche, mu rugendo rwiwe rwa mbere rw'uno mwaka ku mugabane wa Buraya.

Yabwiye imboneshakure ya Autriche ORF ko yipfuza kubona umuryango wa Buraya "wiyunze kandi uteye imbere", avuga ko ukorana n'Uburusiya mu vy'ubudandaji hamwe n'ivy'ubutunzi.

Umugambwe United Russia ucuditse na Putin ufise imigenderanire n'imigambwe y'intagondwa y'i Buraya, ivyo bigatera akoba imigambwe y'abaharanira ukwishira n'ukwizana.

Imigambwe ibiri y'aba "populistes" itwara Ubutaliyano muri kino gihe ishigikiye kugirana imigenderanire ya hafi na Moscou, kandi ikaba ifise amakenga ku mugambi w'ihera rimwe rya "euro".

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru Bwana Putin yahakanye ko umugambwe United Russia ufitaniye imigenderanire n'umugambwe w'intagondwa Freedom Party (FPÖ) wo muri Autriche.

Iyo migambwe irafise amasezerano yo gukorana, ariko umugambwe FPÖ urahakana ko wahawe amahera na Moscou.

Indimi zibiri ku bihano vy'uburusiya

Umugambwe FPÖ urafise ibibanza bikomeye muri leta ya Autriche - ufise ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati hamwe n'ubwo kwivuna abansi - ukavuga ko wipfuza kw'ibihano umuryango wa Buraya wafatiye Uburusiya bihagarikwa ariko urunani rukaba rwavuze ko rukwiye gufata mu mugongo umuryango wa Buraya ku bijanye n'ivyo bihano.

Leta nshasha y'Ubutaliyano yasavye ku munsi wa kabiri kw'ivyo bihano vyosubirwamwo, na cane cane "ibibangamiye abikorera utwabo mu Burusiya".

Umushikiranganji wa mbere Giuseppe Conte yabwiye inama y'abatorewe amateka i Roma, ko Ubutaliyano bushira imbere gukorana n'Uburusiya, bufise uruhara runini mu gisata c'ubudandaji c'Ubutaliyano.

Ibihano vy'umuryango wa Buraya vyibasira abantu ku giti cabo hamwe n'amashirahamwe yagize uruhara mu bikorwa vy'Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine, aho abantu barenga 10000 bishwe kuva aho indyane zadukiye.

Uburusiya nabwo bwaciye bwihora bufata ibihano ku mfungurwa no ku bidandazwa bidahinguye.

"Ukwo haba ingorane nkoramutima ku Buraya, niko duhakwa canke tugira ingorane," niko Putin yabwiye ORF.

"Dukeneye gutunganya imigambi y'ugufashanya n'Uburaya. Nta ntego dufise yo kuryanisha uwariwe wese i Buraya."