Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abazanye isandutu y'abapfuye ku nama nshingamateka ya Uganda bafashwe
Abantu babiri bagiye mu myiyerekano batwaye isandugu ry'abapfu ku ngoro y'inama nshingamateka bafashwe n'igipolisi ku mugwa mukuru Kampala muri Uganda.
Bariko biyamiriza inyifato ya leta bayagiriza kurera amaboko, na burya hari abantu baguma bicwa, abandi banyuruzwa.
Igipolisi ca Uganda kivuga ko hari abantu barenga 40 bivugwa ko banyurujwe uno mwaka, ariko amwe muri ayo makuru ngo nay'ibinyoma.
Abo bantu bari mu myiyerekano bashikanye isandugu rigaragara ry'abapfu imbere y'inama nshingamateka ngo berekane ingene ubutegetsi burera amaboko ku makuru y'abantu banyuruzwa hamwe n'ubwicanyi bukogwa ku bagore, niko ikinyamakuru Daily Monitor cavuze ku buryo bwa Twitter.
Nta wuzi neza ko abo bagabo binjiye mu kigo c'inama nshingamateka.
Igipolisi kivuga ko hanyurujwe abantu barenga 40 uno mwaka, kandi ko benshi muribo ari abagore.
Mu bubisha buheruka, umuryango umwe wo muri Uganda ya hagati wasabwe kuriha amadolari $1000 kugira ngo umukobwa wabo arekugwe.
Abanya muryango baragerageje kwegeranya amadolari $300, ariko munyuma abamunyuruje baramwica.
Igipolisi kivuga ko cashizeho umurongo wa telefone wo gufasha gukurikiranirako mwenivyo bibazo, ariko kikavuga ko amakuru menshi yo kunyuruza abantu aba ari ibihuhwa vy'abironderera amahera atangwa kugira umuntu arekugwe. Abantu 20 mu bagirizwa kunyuruza amahera y'igihugu bashikanywe muri sentare muri Kenya
Mu kwezi kw'icenda mu mwaka uheze, BBC yaravuganye n'umuryango w'umukobwa yishwe:
Aisha Nakasinde w'imyaka 25 yabuzwe irengero mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze.
Umuryango wasanze ikiziga ciwe catawe mw'ishamba, akaba yaragize umugore agira 20 apfuye mu kiringo c'amezi ane gusa mu gihugu ca Uganda.
Umugabo wiwe Francis Bahati areze abana batatu yamusigaranye, avuga ko yamenye ikiziga ciwe ku mpuzu yari yagiye yambaye.