Abazanye isandutu y'abapfuye ku nama nshingamateka ya Uganda bafashwe

Utwana tw'uduhasa twanyurujwe muri Uganda mu kwezi kwa kane uno mwaka, tuza kurekuzwa n'abapolisi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Utwana tw'uduhasa twanyurujwe muri Uganda mu kwezi kwa kane uno mwaka, tuza kurekuzwa n'abapolisi

Abantu babiri bagiye mu myiyerekano batwaye isandugu ry'abapfu ku ngoro y'inama nshingamateka bafashwe n'igipolisi ku mugwa mukuru Kampala muri Uganda.

Bariko biyamiriza inyifato ya leta bayagiriza kurera amaboko, na burya hari abantu baguma bicwa, abandi banyuruzwa.

Igipolisi ca Uganda kivuga ko hari abantu barenga 40 bivugwa ko banyurujwe uno mwaka, ariko amwe muri ayo makuru ngo nay'ibinyoma.

Abo bantu bari mu myiyerekano bashikanye isandugu rigaragara ry'abapfu imbere y'inama nshingamateka ngo berekane ingene ubutegetsi burera amaboko ku makuru y'abantu banyuruzwa hamwe n'ubwicanyi bukogwa ku bagore, niko ikinyamakuru Daily Monitor cavuze ku buryo bwa Twitter.

Nta wuzi neza ko abo bagabo binjiye mu kigo c'inama nshingamateka.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Igipolisi kivuga ko hanyurujwe abantu barenga 40 uno mwaka, kandi ko benshi muribo ari abagore.

Mu bubisha buheruka, umuryango umwe wo muri Uganda ya hagati wasabwe kuriha amadolari $1000 kugira ngo umukobwa wabo arekugwe.

Abanya muryango baragerageje kwegeranya amadolari $300, ariko munyuma abamunyuruje baramwica.

Igipolisi kivuga ko cashizeho umurongo wa telefone wo gufasha gukurikiranirako mwenivyo bibazo, ariko kikavuga ko amakuru menshi yo kunyuruza abantu aba ari ibihuhwa vy'abironderera amahera atangwa kugira umuntu arekugwe. Abantu 20 mu bagirizwa kunyuruza amahera y'igihugu bashikanywe muri sentare muri Kenya

Mu kwezi kw'icenda mu mwaka uheze, BBC yaravuganye n'umuryango w'umukobwa yishwe:

Umugore yatowe yishwe muri Uganda
Insiguro y'isanamu, Umugore yatowe yishwe muri Uganda

Aisha Nakasinde w'imyaka 25 yabuzwe irengero mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze.

Umuryango wasanze ikiziga ciwe catawe mw'ishamba, akaba yaragize umugore agira 20 apfuye mu kiringo c'amezi ane gusa mu gihugu ca Uganda.

Umugabo wiwe Francis Bahati areze abana batatu yamusigaranye, avuga ko yamenye ikiziga ciwe ku mpuzu yari yagiye yambaye.