Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Maria na Consalata: Amahasa yavutse afatanye yamenyekanye cane muri Tanzania yapfuye
Maria na Consalata, amahasa yavutse afatanye muri Tanzania, arakura gushika ashike muri kaminuza agifatanye yapfuye.
Ayo mahasa yapfuye ari mu bitaro i Iringa.
Urupfu rwabo rwababaje benshi muri Tanzania, benshi bakaba barungitse ubutumwa bwo guhoza umuryango wabo babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi.
Prezida wa Tanzania John Magufuli hari haheze imisi babonanye n'ayo mahasa, yavuze ko ababajwe n'urupfu rwabo.
"Nababajwe n'urupfu rwa Maria na Consolata. Igihe nabasanga mu bitaro, barasabiye igihugu cacu. Barota kuzokorera igihugu cabo," ni ko prezida Magufuli yanditse kuri Twitter.
Ayo mahasa yari afise imyaka 22, bari barezwe n'ababikira b'abakatolika kuva bakivuka.
Mu mwaka uheze, bagiye kwiga muri kaminuza ya Ruaha ya katolika, aho batanguye kwiga ivyigwa vy'inyabwonko (ordinateur) imbere y'uko amashure atangura mu kwezi kwa cumi.
Maria na Consolata bari bakoze ibibazo vyabo vya nyuma vyo kurangiza amashure yisumbuye mw'ishure rya Udzungwa mu gisagara ca Iringa, mu bumanuko bushira uburengero bwa Tanzania kandi barabitora.
Ubuzima bwa Maria na Consolata
Maria na Consolata Mwakikuti bavukiye mu karere ka Makete mu bumanuko bushira uburengero bwa Tanzania mu 1996.
Bize kw'ishure ritoyi rya Ikonda imbere yo kuja mu mashure y'isumbuye ya Maria Consolata, hanyuma gushika barangize amashure yisumbuye bari kw'ishure rya Udzungwa mu karere ka Kilolo.
Babanje kugira ingwara y'umutima, hanyuma mu kwezi kwa cumi na kabiri bajanwa mu gisata kivura ingwara z'umutima ca Jakaya Kikwete mu bitaro vy'igihugu vya Muhimbili, i Dar es Salaam, aho bamaze amezi abiri.
Baciye baza baragwaragurika kuva ico gihe.
Igihe batora ikibazo co kuja muri kaminuza, baranezerewe banavuga n'ico bipfuza gushikako mu buzima bwabo.
"Twumvise ko twamenye twibereye muhira, turi mu bikorwa vyacu vya misi yose, batubwira ko amanota yabonetse kandi ko twamenye, imbere y'aho twagumana ibibazo, urazi ko mu bibazo nk'ivyo vya nyuma ntushobora kwiyemera gose," ni ko Consolata yasiguye.
Baranasiguye icatumye batora kwiga kuri kaminuza ya Ruaha mu ntara basanzwe babamwo bitandukanye n'abandi banyeshure bakunda guhindura aho bahora biga.
"Ubwa mbere ho turakunda uko Iringa hameze, ntitwashatse kuja i Dar es Salaam kubera dukunda kubana n'abatureze, ababikira badukurikiranye kuva tukiri bato, hanyuma ubwa kabiri, izindi ntara ziri kure y'aho tuba. Ikindi n'ukubera uko tumeze, ntidushobora kuba ahantu hashushe. Mu gisagara ca Iringa harakanye, turamaze kuhamenyera.
Maria na Consolata bahora batera akamo abavyeyi ngo biteho abana babo bagendana ubumuga bavuga ko atakidashoboka.