Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore wa 65 yibarutse amahasa muri Espagne
Umugore w'imyaka 65 wo mu gihugu ca Espagne yibarutse amahasa - umuhungu n'umukobwa - i Burgos, mu buraruko bwa Espagne.
Ibitaro Recoletas vyashikanye ayo mahasa, uwo mugore abanje kubagwa (Césarienne).
Uwo mugore atavuzwe izina yabanje kuja mu gihugu ca Amerika kwivurizayo ngo ashobore kuvyara, nkuko ikinyamakuru co muri Espagne kivuga.
Ibitaro vyasohoye amasanamu ya video yerekana ingene yibarutse.
Mu 2012 uwo mugore yaravyaye umwana w'umukobwa, munyuma yahavuye aregwa n'ibigo vyitaho abana, bitewe n'ivyavugwa ko atari atunzwe neza.
Nta ngingo irafatwa kuri ayo mahasa muri kino gihe ameze neza co kimwe na nyina wayo. Umuhungu afise ibiro 2.4kg, umukobwa 2.2kg.