'Naravyutse nsanga sincibuka umupfasoni wanje'

Adam and Raquel Gonzales on their wedding day

Adam na Raquel Gonzales bari bamaranye imyaka itanu imbere y'uko avyuka umusi umwe atakimwibuka - yari yibagiye n'iveyerekeye ukwubakana kwabo. Ariko Raquel yaragize uko ashoboye kugira asubire kuba uwiwe.

Mu gitondo ca kare mu kwezi kw'icenda mu 2016, Raquel yari mu cumba yambaye impuzu yo kuryamana, abona umugabo wiwe ariko aramwitegereza nk'uwutamuzi. Yamuvugisha nk'uwutamuzi, ata rukundo. Vyagaragara ko atazi n'uwo ari we.

"naramubajije:'Urazi aho uri? Urazi umwaka turimwo? Urazi izina ryanje? " Aca avuga 'oya' kuri ivyo bintu vyose." uko ni ko Raquel yavuze.

"Novuga ko uko naguma mbaza, ariko yaguma ashavura cane."

Raquem yaramuhumurije ko ari inzu yabo, ko ari umupfasoni wiwe kandi ko bafise abana batatu bavyaranye. Adam aca atangura kurira.

"Ndasavye undonderere karangamuntu kanje, telefone yanje iri he na karangamuntu?" ni ko yaciye avuga.

Raquel yabwiye Adam ko yambara ko agira amujane kwa muganga ubwo nyene. Yari ubwoba ko hari ikintu kibi coba cabaye mu bwonko bwiwe.

Adam yuguruye mu bubiko bwiwe, yaciye abaza:" kostime zanje ziri he?"

Raquel aramusigurira ko ata kostime atunze.

Adam yarambaye apfa gukurikira uwo mupfasoni atazi baja ku bitaro. bari bafatanye.

Raquel yafashe neza Adam- yari azi ko ubwenge bwigeze kumuzimirana imbere y'aho, igihe umugore wiowe yagerageza kumwica.

presentational grey line

Mu 2011, afise imyaka 35, Adam yatwara kimwe mu bisata vy'ishirahamwe ryo gutumatumanako AT&T n'umukuru mw'ishengero i Lubbock, muei Texas.

Inyuma yo kuvana n'umugire wiwe wa mbere, yaciye atangura gukundana n'uwundi ariko biza kurangira nabi cane. Umukunzi wiwe mushasha yaramufata nabi, munyuma yagerageje kumunigisha intsinga z'umuyagankuba, amuta aho babika imodoka ari ikiruruma.

Umutima wiwe wahagaze incuro zitatu zose bari mu nzira bagana ibitaro, ariko aho hose yagiye aratabagwa n'abaganga. Adam yaciye aja muri koma yamazemwo amezi ane.

"Nikanguye sinasubiye kumenya uwo ndiwe - sinamenye ko nigeze kuzana umugore kandi ko nahukanye kandi ko mfise abana babiri," ni Adam yavuze.

Yamaze umwaka mu bitaro, yiga gutambuka no gusubira kuvuga. Ariko ibintu vyo mu buzima bwiwe ntiyongeye kuvyibuka.

Adam in hospital after his attack in 2011

Amezi menshi yaraheze imbere y'uko imbere y'uko basubira kumwereka umuhungu wiwe n'umukobwa wiwe. Yasanze ari ibintu bitoroshe kubabona umusi wa mbere.

"Bigenda gute umuvyeyi, se w'abana, ngo ayoberwe abo yibarutse?" ni ko yavuze.

Amaze gushika muhira, inzu yari yuzuye abafata amafoto adashobora kwibuka n'ubushimwe atibuka igihe yabutsindiye. Nta na kimwe yibuka.

"Nagerageza kwiyumvira uwo mugabo Adam uwo ari we. Ndashobora kuba mui uyu muntu?"

Ntiyashobora gusubira mu kazi yahora akora, atinya ko atoshobora kumera nk'uko yari ameze mbere.

"Sinibuka n'aho nize kaminuza," ni yavuze. " Biragaragara ko nahize ariko nashitseyo gute, nahize gute, nibintu ntategera."

Yafashe ingingo yo kwimuka mu gisagara yahoramwo kugira atangure bushasha. Yimukiye i Phoenix n'abana biwe aca abangura kuza arimenyereza weneyene.

Ni ho yatanguye gukundana na Raquel bahuriye ku mbuga ngurukanabumenyi u 2012, umwigeme w'imyaka 30 akora akazi ko kumenyekanisha ibidandazwa afise umwana w'umukobwa umwe.

Basezeranye guhwanira mu kabare mu micungararo ya Phoenix.

Raquel ni we yashitse ubwa mbere aramurindira ko ashika, ariko inyuma y'isaha ntiyari bwashike. Ariko aramuhamagara ari mu yindi nzu y'uburiro atari aho bari bavuganye.

presentational grey line

"Yarasavye imbabazi yicishije bugufi nca ndibwira nti:'nta co umuntu wese arihenda,""ni ko Raquel yavuze. Uretse ivyo kandi yarakunze ukunzu avuga nk'uwo muri Texas.

Mu nyuma Adam yaraje yambaye ikoti ikozwe m'ushato hamwe 'ipataro y'ijinisi.

"Ntiyigirisha kandi yaboneka nk'umuntu ameze neza, yari mwiza cane," ni Raquel avuga.

"Sinamukurako ijisho- yar afise utunogo ku matama akanamwenyura neza," uko ni ko Adam avuga.

Adam and Raquel Gonzales

Baciye biyumvanamwo baca batangura kuza baragenderanira cane.

Haheze amezi make bakundana, baciye babana bari kumwe n'abana babo, hanyuma mu kwezi kw'indwi mu 2015, bambikana impeta mu sengero rito riri mu micungararo ya Phoenix.

Ariko ubuzima Adam na Raquel babanyemwo imyaka itanu yose vyajanye n'ico gitondo co mu kwezi kw'icenda mu 2016.

Mu gihe Adam yari kwa muganga bamukorera ibipimo, yarahamagaye umuntu umwe yari yizeye cane - nyina wiwe. Yaramubwiye ko ko yakundanye yongera arubakana na Raquel.

"Yaragukunze. Ndaguhaye imihezagiro yanje," ni ko nyina yamubwiye.

"Naciye ntangura gusubira kumwizera ntangura no kumubaza ibindi bibazo kuri ibi na biriya," uko ni ko Adam avuga. "Harimwo umunezero ariko kandi harimwo ikinyegezwa co kumenya uwo mupfasoni uwo ari we, n'uwo yigeze kuba."

Baciye batangura kureshanya kandi, batangura kumerana kandi mu bitaro, bahurira mu bibanza vyabo bonyene, bakanaganira bariko barasangira amandazi arimwo iforomaji mu nzu y'uburiro.

Ariko vyose ntivyera ngo de! Hari igihe Adam yafata ingingo ko vyoba vyiza bavanye, mbere aranamubwira:" sindakwiyumvamwo, kandi ndakubonye nta co bimbwira."

Yumvise ivyo, Raquel yarasenze gusa.

presentational grey line

Ariko yrakuye mu nzira inzitizi zose.

Agarutse muhira avuye mu bitaro, Raquel yaramufyinisha mu kumwigisha guteka - ni we yateka nka buri igihe.

Yarabona ingen Raquel yari umuvyeyi n'umugore mwiza n'ingene abana babo bumvikana.

Hanyuma yarumva amahoro kubera inyifato myiza ya Adam itigeze ihinduka.

Adam and Raquel Gonzales seated

N'abana baratoye uburyo bwo kuba muri ubwo buzima bushasha. Abby yari afise imyaka 12, Lulu15 hamwe Elijah 17 igihe ubwenge bwa Adam bwatakara ubwa kabiri mu 2016.

"Baritanaho bose kandi nibaza ibintu vyose babkorana ubwitonzi kandi bari kumwe," ni ko Raquel yavuze.

Lulu and Elijah

Abakobwa bagerageza gufasha se wabo gukira mu kumwereka bimwe mu vyo yari yarabigishije mu kwinonora imitsi.

"Dawe raba, n'ibi twagira! ni wewe watwigishije kwinonora imitsi gutya," ni ko babwira Adam.

"Nibaza ko twamaranye umwanya mwiza umwe wese mu kwinonora imitsi," ni ko yavuze.

Adam helps his daughter Abby in the gym

Hanyuma umusi umwe, mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2016 - inyuma y'amezi atatu yibagiye vyose - Adam yaravyutse atangura kuvugisha Raquel n'ijwi ririmwo urukundo. Arasaba imbabazi ku bintu vyoba vyarashitse hari haheze imyaka itatu, igihe bari bakireshanya.

Raquel yarihweje Adam aca aramubaza ko azi uwo ari we.

Aca avuga:"Nokwibagira gute? Uri Raquel wanje."

"Oh mukunzi wanje, hari ibintu vyinshi ntegerezwa kukubwira," ni ko Raquel yishuye.

Ariko wari umusi w'imikorwa kandi Raquel ni we wenyene yarondera ibitunga umuryango, aca aragenda. Yasavye Adam gutwara abana babo kw'ishure.

Inyuma y'abo bamubwiriye aho biga, Adam yasavye Lulu gushira muri GPS, aho baba kugira niyagaruka ntazimire.

presentational grey line

Ubu Adam aribuka vyinshi ariko aracabura ivyo imyaka itatu, harimwo ibintu bikomeye cane nk'umusi wo kwubakana na Raquel.

Yaribagiye kandi gutwara ingene yatwaye umuryango wiwe mu karuhuko karyoshe i Disneyland mu 2013.

The family in Disneyland
the Gonzales family
Adam and Raquel Gonzales have become pastors