Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umupasitori yasavye abakristu biwe kumugurira indege muri Amerika
Umupasitori umwe wo muri Amerika yasavye abakristu biwe kwegeranya amahera zo kumufasha kugura indege yiwe ya kane.
Yavuze ko n'aho Yezu yobaye ari ngaha, " ntiyoba agendera ku ndogobwe".
Jesse Duplantis yavuze ko Imana yamubwiye ko yogura indege yo mu bwoko bwa 7X igugwa imiliyoni 54 z'amadolari.
Yongeyeko ko yari afise amakenga ku kubandanya iciyumviro co kwugura iyo ndege mu ntango, ariko Imana imubwira:"Sinakubwiye ngo uyirihe. Nakubwiye ko wizera uzoyironka."
N'aho atari ibintu bidasanzwe ku bapasitori gutunga indege zabo, gusaba abakristu ngo baterere kugira agure iyo ndege vyatumye bamunebagura.
Abantu ku rubuga rwa twitter batangajwe n'iyo nkuru. Duplantis w'imyaka 68 yavuze:"Murazi, naratunze indege zitatu mu buzima bwanje, , narazikoresheje nkoresha n'igitoro nkorera Yezy Kristu.
"Ubu abantu bavuga ko abapasitori badakwiye gutunga indege. Ndemera ko abapasitori bakwiye kuja ku maradiyo yose (canke ku cuma gishikana ijwi kure), ku bimenyeshamakuru vyose, kugira ijambo ry'Imana rishike hose kw'isi."
Ahagaze iruhande y'indege ziwe ubu afise, uwo muvugabutumwa yavuze ko indege yaguze haraciye imyaka 12, ubu idakwiye mu bikorwa vy'ishengero ryiwe.
Yavuze ko iyo ndege idashobora gushika kure itabanje guhagarara, bigatuma rero ariha amahera menshi yo kugwa no kunywesha igitoro.
Iyindi foto yagaragaye kuri video yerekanye uwo muvugabutumwa ahagaze iruhande y'izo ndege zitatu, hejuru kw'ifoto handitse:"Si kubera ibintu utunzi, ahubwo n'ukubera ibintu ushira imbere."
Duplantis yisigura ku mugambi wiwe wo kugurirwa indege avuga ko Yezu yabwiye abantu biwe "mugende kw'isi yose mwigishe inkuru nziza ikiremwa cose, none ivyo twobishikako gute? Sinshobora kuja ahantu kure nkoresheje ubwato, imodoka canke itereni, ariko nshobora kuja ahantu kure cane nkoresheje indege."
Mu 2015, Duplantis yaragaragaye kuri video bari kumwe n'uwundi muvugabutumwa Kenneth Copeland, aho Copeland yasiguye iko kugenda n'indege zunguruza abantu, ari kumwe n'abandi bantu basanzwe, ari nko kugendera "mu mukebe munini wuzuyemwo amashetani."