Amakungu yakeje Kenya ku kigoro ko kurwanya ibiturire

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Abaserukira ibihugu vyabo mu gihugu ca Kenya bakeje leta kw'isekeza irimwo ryo kugwanya abarya ibiturire n'abanyuruza itunga ry'igihugu, nkuko biri mw'itangazo ryarungitswe n'ivyo bihugu birimwo Amerika n'Ubwongereza.
Abo ba "diplomates" bavuga ko aboba bafashwe bakagigwa n'ubusuma bakwiye kubibazwa, bakavyishura.
Umuyobozi mukuru w'ikigo c'igihugu kijejwe urwaruka "National Youth Service" (NYS), Richard Ndubai apfunganywe n'abandi 23 mu busuma bwatumye igihugu gipoteza amadolari imiliyoni $80.
Abaserukira ibihugu 17 bavuga ko ingeso y'ibiturire no kunyuruza itunga ry'igihugu ariyo yononye intwaro ishingiye kuri demokarasi muri Kenya, ubwo busuma ngo bukaba bwibasira abanyagihugu.
Umukuru w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yavuze ko atazosubira kwemera abanyuruza amahera y'abanyagihugu yofashije mu bikorwa vy'iterambere.
Yabandanije avuga ko hari abafatwa bakitwaza amoko baturukamwo bavuga ko ariko arahamwa, Prezida Kenyatta yavuze ko mu gihe uwivye yabikoze ari wenyene ko akwiye kwikorera umusalaba wiwe.
Inyuma yo gusomegwa ibirego bahakanye ku munsi wa kabiri ku mugoroba, umushingwamanza yasavye ko abo bakurikiranwa bogumizwa mu buroko niburiburi ku kiringo c'indwi imwe.

Ahavuye isanamu, @ODPP_KE/TWITTER
Uretse umuyobozi mukuru wa NYS Richard Ndubai, mu bandi bapfunganywe harimwo umunyamabanga mukuru Lilian Mbogo Omollo.
Sentare yemeye ko ishobora kwihweza ko yobarekura vy'agateganyo ku munsi wa kabiri, bikaba bitegekanijwe ko bazumvirizwa ubwa mbere ku munsi wa gatatu.
Abo bakurikiranwa bafashwe mu mpera z'indwi iheze, abandi barishikana mu gipolisi ku munsi wa mbere, munyuma bajanwa muri sentare ku munsi wa kabiri.
Bagirijwe ko batakaje imiliyoni 45.7 z'amadolari ku miliyoni $80 zazimiye muri ico gisata c'urwaruka.

Ahavuye isanamu, MARCO LONGARI/AFP/GETTY IMAGES)
Bubaye ubwa kabiri haba ubunyonyozi bw'amahera y'igihugu mu gisata c'urwaruka NYS muri ino myaka itatu.
Mu bunyonyozi buheruka, igihugu catakaje imiliyoni $7 ariko abari bagirijwe bakaba barejejwe nka bose, umwe wenyene akaba ariwe agikurikiranwa.
Umushingwamanza mukuru Noordin Haji avuga ko agiye kwicarira runo rubanza, ko rutazogenda nk'urwa mbere.
Akija ku butegetsi, Prezida Uhuru Kenyatta yavuze ko agiye kwicarira ikibazo ca ruswa ariko munyuma ariyemerera ko vyamutaye kuw'amazi.
Ikigo NYS ni umugambi wa leta wo kumenyereza urwaruka ingene rwokwibeshaho, mu kugwigisha imyuga n'ubudandaji, na burya benshi murirwo ata kazi bafise.










