Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mamoudou Gassama: Umwimukira yatabaye umwana mu Bufaransa yaronkejwe ubwene gihugu
Umwimukira yamuka muri Mali yiriwe arahayagizwa inyuma yo kurira ku ruhande rw'imbere kw'igorofa iri mu gisagara ca Paris agatabara umwana yagira akoroke.
Video ya Mamoudou Gassama ariko aratabara uwo mwana yakwiragiye henshi ku mbuga ngurukanabumenyi.
Yavuye kw'ibaraza aja ku yindi mu mwanya uri musi y'umunota, aca afata uwo mwana yagira akoroke.
Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron mu kumushimira ubwiwe aho yamwakira mu biro vyiwe muri Champs Elysee, yamuronkeje ubwene gihugu. Uyu mugabo w'imyaka 22 yanambitswe umudari na Perezida Macron, anamwemerera akazi mu gisata kirwanya imiriro, hamwe yovyipfuza.
Umukuru w'igisagara ca Paris, Anne Hidalgo na we nyene yashimagije ubutwari bw'uwo mugabo, anavuga ko yanamuhamagaye kuri telefone kugira amushimire.
Yavuze ko ari nka "Spiderman wa 18", agereranya uturere 18 tumaze kurokorwamwo abantu i Paris muri mwene ubwo buryo.
"Turakeje Mamoudou Gassama ku butwari bwiwe bwo kurokora umwana," ni ko ubutumwa bwa Hidalgo buvuga kuri Twitter.
"Yansiguriye ko yari yavuye mu gihugu ca Mali mu mezi make aheze afise indoto zo kurondera ubuzima ngaha.
"Namwishuye ko ubu butwari yerekanye ari akarorero keza ku bantu bose kandi ko igisagara ca Paris kizomushigikira mu cipfuzo ciwe co kuba mu Bufaransa."
Ivyo vyabaye ku musi wa gatandatu ku mugoroba mu karere kamwe kari mu buraruko bw'igisagara ca Paris.