Umuryango washimiye uwawutabariye umwana mu Bufaransa

Ahavuye isanamu, FACEBOOK
Umuryango w'akana k'agahungu katabawe kagira gakoroke kw'ibaraza ry'igorofa i Paris mu Bufaransa washimiye umusore aturuka muri Mali yagatabaye.
"Ni incungu mu vy'ukuri," niko inakuru wako gahungu yavuze ku mwimukira Mamoudou Gassama, yaduze igorofa zine ngo atabare uwo mwana ntihagire icaba.
Se w'uwo mwana w'imyaka ine, yamusize mu nzu agiye gusuma, akurikiranwa mu kuba atitwararitse umwana wiwe, niko amakuru avuga.
Bwana Gassama yemerewe guca ahabwa ubwenegihugu.

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY
Prezida Emmanuel Macron yaramushimiye ubwiwe, amuha umudali ku butwari yerekanye, yemera kumuha akazi mu gisata kigwanya impanuka zitewe n'umuriro.






