Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abarenga 70 bapfuye mw'isekeza ry'ibiyovyabwenge muri Bangladesh
Abantu barenga 70 nibo bishwe n'abajejwe umutekano mw'isekeza ryo guhiga abatunze ibiyovyabwenge muri kuno kwezi, nkuko bivugwa n'ubutegetsi.
Ubutegetsi buvuga ko isekeza rikomeye ryakorewe ku mugwa mukuru, Dhaka.
Abantu bashika 100 barapfunzwe ku munsi wa gatandatu, abandi bikekwa kugira uruhara mu budandaji butemewe n'amategeko bw'ibiyovyabwenge bararaswa iryo joro.
Abaharanira amateka bagereranije iryo sekeza nk'iryakozwe muri Philippines, mu ngwano y'ibiyovyabwenge yatangujwe na Prezida w'ico gihugu Rodrigo Duterte.
Kuva iryo sekeza ritangujwe i Bangladesh, abantu ibihumbi baramaze gupfungwa, amajana y'abakoresha ibiyovyabwenge batangishwa amande, nkuko igipolisi ca Bangladesh kivuga.