Uwagirizwa igitero muri Amerika 'yanse kwica bamwe kugira bazobare inkuru'

Ahavuye isanamu, Dimitrios Pagourtzis/Facebook
Inyandiko ya sentare ivuga ko uwagirizwa igitero co kw'ishure Santa Fe High School yabwiye igipolisi ko yanse kwica abanyeshure bamwe bamwe "kugira inkuru yiwe izovugwe".
Dimitrios Pagourtzis yagirijwe ubwicanyi inyuma y'aho abantu cumi barasiwe ku musi wa gatanu mu gisagara ca Texas.
Inkuru ziva muri sentare, Pagourtzis w'imyaka 17 yishimikije uburenganzira bwiwe bwo kuguma anumye ariko yemera ko "yarashe abantu benshi".
Abategetsi bavuga ko yarasanye n'igipolisi imbere yo kwishikana.
Ukurasana kwamaze nk'iminota 15 imbere y'uko Pagourtzis yishikana we nyene, aheba umugambi wo kwirasa, nk'uko vyandikwa na n'ikinyamakuru New York Times.

Ahavuye isanamu, Sabika Sheikh Family
Ubu igipolisi kivuga ko abanyeshure umunani n'abigisha babiri bishwe, abandi bantu 13 barakomerekera muri ico gitero, harimwo umwe mu bapolisi yakorera kuri iryo shure aremvye cane.










