Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 80 banyurujwe n'abitwaje ibigwanisho muri Nigeria
Amakuru avuga ko niburiburi 80 banyurujwe n'abantu bitwaje ibigwanisho mu ntara ya Kaduna, mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria.
Abari mw'ishirahamwe ryo kwunguruza abantu n'ibintu, bavuga ko abo bantu bafashwe bari kw'ibarabara rikuru riva mu buraruko rija mu bumanuko bwa Nigeria.
Babandanije bavuga ko abo bagabo bafise ibigwanisho bahagaritse imodoka nyinshi, batwara abantu baharugwa mu mirongo mw'ishamba basize izo modoka aho.
Gushika ubu igipolisi ntikirashobora kwemeza ayo makuru.
Ku munsi wa mbere, umukuru w'igisirikare yaragendeye ako karere mu ntumbero yo kurondera gukomeza umutekano uhungabanywa n'inkozi z'ikibi zitwaje ibigwanisho.
Abantu bitwaje ibigwanisho baheruka kwica abantu barenga 70 mu kigwati co muri ako karere mu ndwi iheze.