Kaminuza ya Zambia isaba abigeme kwambara bikwije

Umunyeshuli DIKINA MUZEYA avuga ko abahungu bari bakwiye kwitaho ivyo baba barimwo vyo gusoma y

Ahavuye isanamu, DIKINA MUZEYA

Insiguro y'isanamu, Umunyeshuli DIKINA MUZEYA avuga ko abahungu bari bakwiye kwitaho ivyo baba barimwo vyo gusoma

Imwe muri Kaminuza zikomeye za Zambia yasavye abanyeshuli bayo b'abigeme kuja mu bitabo "bibliothèque" bikwije mu kwirinda gusamaza abahungu.

Kaminuza ya Zambia iri Lusaka ku mugwa mukuru - yashize amatangazo kuri "bibliothèque" isaba abo bigeme kwambara bikwije.

Ico gihugu co mu karere ka Afrika y'ubumanuko kiracubahiriza imico y'abakera.

Abanyeshuli bo muri Kaminuza bagerageza kwambara ibijanye n'imideli, nkuko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC Kennedy Gondwe.

"Twamenyeshejwe ko hari abanyeshuli b'abakobwa baza batikwije umengo bari gusa muri "bibliothèque", ivyo bikaba bihungabanya abahungu," niko itangazo rivuga.

"Kuri ivyo dusavye abanyeshuli b'abakobwa kwambara bikwije iyo bari mu nyubakwa za Kaminuza."

'Raba mu bitabo mureke kuraba amaguru'

Abakobwa benshi ntibashigikiye iyo ngingo yafashwe na Kaminuza.

"Niba tuja mu kibanza c'ibitabo kwiga, ni kubera iki twoja mu vyo kuraba amaguru y'abakobwa?" niko Dick yiga mu mwaka wa gatatu avuga.

Itangazo rya Kaminuza

Ahavuye isanamu, DIKINA MUZEYA

Insiguro y'isanamu, Itangazo rya Kaminuza

Naho avuga ukwo, umunyeshuli w'umuhungu Killion Phiri arashigikiye iyo ngingo.

"Mwe murazi ingene imibiri y'abakobwa ihahamura," niko yabwiye BBC.

"Wogumiza umutima ku vyigwa gute igihe hari umuntu yambaye ijipo ngufi canke ikanzu imwegereye? Uca utangura kwiyumvira ibindi bintu ntugume mu vyo warimwo."