Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida wa Nigeria agiye kubonana n'uwa Amerika
Prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari azoba umukuru w'igihugu wa mbere wo muri Afrika azokwakirwa na prezida wa Amerika Donald Trump niyashika muri Amerika.
Vyiteze ko baganira kuvyerekeye ugufashanya mu butunzi n'umutekano.
Ariko benshi kandi bakurikiranira hagufi ivyo biganiro inyuma y'aho bivugiwe ko Trump yakoresheje ijambo "umwanda" avuga ibihugu vyo muri Afrika.
Trump yarahakanye yivuye inyuma ko atari umunyamacakubiri inyuma y'aho ivyo bimenyekaniye.
Abo bategetsi babiri bashobora kuvyirengagiza kugira biteho ibibazo vyihuta, nk'uko vyandikwa n'umumeyeshamakuru wa BBC muri Nigeria, Mayeni Jones.
Mu gihugu ciwe, prezida Buhari ahanganye n'ibibazo bikomeye vy'umutekano, harimwo iiterwa n'umuhari wa Boko Haram umaze imyaka icenda mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria hamwe n'umutekano muke urangwa hagati mu gihugu,
Kuri ivyo rero, ukugwanya iterabwoba ni co gikorwa nyamukuru kuri izo mpande zibiri nk'uko umumenyeshamakuru wacu abandanya abivuga.
Amerika indege 12 kuri Nigeria zo kugwanya umuhari wa Boko Haram ziciye imiliyoni 496 z'amadolari.
I Washington, Trump na Buhari baraza kurabira hamwe ingene hokwongerezwa imigenderanire muvyo ubutunzi hagati y'ibihugu vyabo.