Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria igiye kwongereza indege zirondera abana banyurujwe
Igihugu ca Nigeria kivuga ko kigiye kwongera igitigiri c'indege ziri mu gikorwa co kurondera abakobwa banyurujwe nyuma y'igitero c'abarwanyi ba ki Islam kw'ishure mu ndwi iheze.
Vyibazwa ko abakobwa barenga ijana aribo bashobora kuba baranyurujwe n'abarwanyi ba Boko Haram mu ntara ya Yobe iri mu buraruko bushira ubuseruko.
Kare abajejwe intwaro bavuze ko abapolisi hamwe n'abakuru b'abajejwe umutekano barungitswe ku mashure kugira bakumire ibindi bitero vy'abarwanyi.
Ariko umunyamakuru wa BBC ari muri Nigeria yavuze ko leta vyayitwaye indwi yose kugira yegeranye uburyo bukwiye bwo kurondera abo bana.
Hari kandi n'amakuru avuga ko abasirikare bakuwe ku birindiro igihe gito imbere y'uko ico gitero kiba, ariko leta irabihakana.