Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanyeshuli banyurujwe barokowe n'igisirikare muri Nigeria
Ubutegetsi muri Nigeria buvuga ko bamwe mu bigeme b'abanyeshuli baburiwe irengero inyuma y'igitero c'abagwanyi kw'ishuli ryo mu buraruko bw'igihugu barokowe n'igisirikare.
Abashika 100 nibo bari babuze, inyuma y'aho abigisha n'abanyeshuli bahungiye mw'ishamba hirya y'igisagara ca Dapchi igihe c'ico gitero.
Abavyeyi babwiye BBC ko babonye abo bigeme burizwa amakamyo.
Ico gitero cagabwe haheze imyaka ine Boko Haram inyuruje abakobwa 270, ibakuye kw'ishuli ry'ahitwa Chibok.
Mw'itangazo, Leta ya Yobe yavuze ko igitigiri kitazwi c'abakobwa barokowe bavanwa mu maboko y'inkozi z'iterabwoba, bari kumwe n'abasirikare.
Ikigo c'amakuru Reuters kivuga ko abavyeyi n'umutegetsi wa Leta, bavuze ko abigeme 76 barokowe ariko ko 13 bakibuze.
Abakobwa babiri ngo batowe bapfuye, niko Reuters ivuga, itamenyesheje ingene bapfuye.
Abarwanyi ba ki Islam
Abategetsi ba Leta ya Yobe, bari bavuze ubwa mbere ko ata makuru bafise ajanye nuko hoba hari abigeme banyurujwe.
Igisagara ca Dapchi kiri ku birometero 275, mu buraruko bushira uburengero bwa Chibok.
Abagwanyi ba ki Islam binjiye mu gisagara barasa, barekura n'ibiturika, bituma abigisha hamwe n'abanyeshuli bahunga.
Umushikiranganji ajejwe igipolisi i Yobe yavuze ko abanyeshuli 815 ku 926 bamaze gusubira kw'ishuli.