Isinema y'abakundana basangiye igitsina yihanikijwe muri Kenya

Ahavuye isanamu, RAFIKI
Isinema yogiye mw'irushanwa Cannes Film Festival yihanikijwe mu gihugu ca Kenya bitewe nuko ivugwamwo ivy'abakundana basangiye igitsina.
Iyo sinama Rafiki, bisigura "umugenzi" ivugwamo urukundo hagati y'abakobwa babiri bakiri bato.
Ikigo kigenzura amasinema "Kenya Film Classification Board" (KFCB), kivuga ko iyo sinema yoba igiye guha agaciro ingeso y'abakundana basangiye igitsina.
KFCB igabisha uwo wese azofatanwa iyo sinema, ko azoba yahonyanze amategeko ya Kenya, mu gihe imibonano y'abasangiye igitsina ihanwa n'igipfungo c'imyaka 14.
Umuyobozi w'iyo sinema Wanuri Kahiu yabwiye BBC ati: "Nari nizeye ko ico kigo co kugenzura amasinema kizoyishira ku y'abantu bakwije 18. Kuko twibaza ko abakenya bahumuye, bashobora kumenya ikibi n'iciza."
Iyo sinema izokwerekanwa i Cannes mu kwezi kuza ifitaniye isano n'isinema Jambula Tree yatangiwe agashimwe mu 2007, yanditswe n'umugandakazi Monica Arac Nyeko.
Ivugwamwo abagenzi babiri, Kena na Ziki, bakundanye ariko imiryango yabo iri ku mpande zitandukanye mu vya politike.
Ukwihanikiza iyo sinema vyariyamirijwe ku mbuga hwaniro n'ishirahamwe rishigikiye abakundana basangiye igitsina "National Gay and Lesbian Human Rights Commission" (NGLHRC).










