Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibinyamakuru vya Korea ya ruguru birakeza umubonano wa Kim na Moon
Umubonano hagati y'abarongoye Korea ya ruguru n'iyepfo ugiye gutuma hatangura ingendo nshasha "ukwiye gushigwa mu mateka", niko ibinyamakuru vya Korea ya ruguru vyavuze.
Umukuru w'igihugu ca Korea ya ruguru Kim Jong-un na Moon Jae-in wa Korea yepfo, bemeranije gukora ngo bakure mu karere ibigwanisho vya "nucléaire".
Televiziyo y'igihugu hamwe n'ikinyamakuru KCNA vyakeje ivyo biganiro hamwe n'intego y'abategetsi yo kuvanaho ibigwanisho vya "nucléaire".
Abo bategetsi bahuye haheze amezi y'uruhagarara ubona ko rwotuma haduka ingwano.
Bwana Kim yabaye umukuru w'igihugu wa mbere wa Korea ya ruguru ahonyoje ikirenge ubwa mbere ku butaka bwa Korea yepfo, kuva igihe ingwano hagati y'ivyo bihugu bibiri irangiriye mu 1953.
Haheze imyaka myinshi, Pyongyang ivuga ishimitse ko itazovavanura n'umugambi wayo w'ibigwanisho vya "nucléaire", isigura ko vyoyifasha kwikingira agasomborotso ka Amerika.
Abo bakuru b'ibihugu babiri bavuga ko bazobandanya ibiganiro na Amerika hamwe n'Ubushinwa, kugira ngo bashobore kurangiza uruhagarara ruri muri Korea zose.