Uganda bagandariye inguge Zakayo yapfuye ifise imyaka 54

Mu gihugu ca Uganda kuri uyu mugoroba hari umuhango wo kugandarira inguge canke chimpanzee yari ishaje kurusha izindi mu gihe yari ifise imyaka mirongo itanu n'ine.

Mu 1964, inguge Zakayo yari ifise umwaka umwe gusa igihe yatorwa yahebwe na nyima mu burengero bwa Uganda.

Ikigo ca Uganda kijejwe gukingira no kurera ibikoko vyisanga ari vyonyene bikiri bito, kivuga ko Zakayo yaciye itungwa n'umunyamahanga imbere yuko ayitanga mu kigo c'ibikoko (zoo) ifise imyaka cumi n'itatu.

Zakayo yamaze imyaka myinshi y'ubuzima bwayo mu kigo c'ibikoko kiri Entebbe hafi y'ikiyaga Victoria, ariko naho nyene, nk'uko bivugwa nk'abajejwe intwaro, ngo yarabandanije guhohoterwa.

Abakerarugendo kenshi ngo baraha Zahayo itabi ngo itumure, bakayiha n'inzoga kugira ibongwe ice ibakinira udukino.

Ico kigo c'ibikoko muri iki gihe carateye imbere kandi Zakayo, yahora yitwa sokuru w'inguge muri Uganda, yarashoboye kubaho ubuzima bwayo yorohewe.

Abajejwe gukingira ibikoko bakeje Zakayo ku kuntu yabaye nk'umuserukizi w'inguge hamwe n'ibindi bikoko vyo mw'ishamba muri Uganda.

Bavuze yuko ukumenyekana kwa Zakayo kwatumye hatororokanywa amafaranga menshi yafashije mu kwitaho ibikoko no kunagura igisata c'ubukerarugendo.

Ikigankara ca Zakayo kizobikwa ku nyungu z'ubushakashatsi hamwe n'inyigisho