Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwuharanira agateka ka muntu mu Burundi yakatiwe imyaka 32
Germain Rukuki wo mw'ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu mu Burundi yakatiwe igipfungo cy'imyaka 32 nyuma yo kwifatanya n'abatavuga rumwe na leta mu kwiyamiriza Prezida Nkurunziza.
Yahamijwe icaha co kuja mu bikorwa vy'imigumuko, kugira uruhara mu bwicanyi bw'abajejwe umutekano hamwe no kwonona ivy'abandi.
Yaba bwana Rukuki canke uwumwunganira nta n'umwe yari yitavye muri sentare.
Amashirahamwe aharani agateka ka muntu avuga ko iki gihano ari co cambere gikomeye gihawe uwuharanira agateka ka muntu mu Burundi.
Amajana y'abantu barafashwe bagirizwa kuja mu myigaragamvyo yo kwiyamiriza Prezida Pierre Nkurunziza yabaye mu 2015.
Imyiyerekano yatanguye mu mpera z'ukwezi kwa kane 2015, umugambwe CNDD FDD umaze kwemanga Pierre Nkurunziza ko azowuserukira mu matora y'umukuru w'igihugu.
CNDD FDD yavuze ko bwana Nkurunziza azoba yitoje mu kiringo kigira kabiri, kuko ica mbere atari yatowe n'abanyagihugu, ariko abatavuga rumwe n'uwo mugambwe bakavuga ko cari ikiringo ca gatatu giteye kubiri n'amategeko.