ONU yatoye ibinogo 5 vyahambwemwo abantu ikivunga muri Kongo

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ryatoye ivyo ryibaza ko ari ibinogo bitanu vyahambwemwo abantu ikivunga mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu bivuga ko abantu barenga amajana abiri na mirongo itandatu bagandaguwe kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri 2017, 91 muribo bakaba ari abagore.

ONU ivuga kandi ko ibigwati ijana na mirongo ibiri vyasahuwe biranasamburwa, mu mirwano hagati y'amako y'aba Hema n'aba Lendu, kandi ngo benshi mu bishwe n'aba Hema.

Amoko y'aborozi b'aba Hema hamwe n'abarimyi b'aba Lendu amaze imyaka myinshi atana mu mitwe, kenshi agapfa ubutaka.

Leta ya Kongo ariko ivuga ko ata kinogo na kimwe izi catawemwo abantu ikivunga muri ako karere.