Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanyeshure bagaburiwe umwanda mukuru na muto kuri kaminuza imwe muri Mozambike mu mihango yo kubabatiza
Imihango yo kubatiza abanyeshure bashasha kri kaminuza yo muri Mozambike vyababaje abantu benshi inyuma y'aho hakwiragirijwe amafoto ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ingene abo banyeshure bariko barahatirwa kunya no kwiyoza umwanda mukuru na muto.
Inkuru dukesha umumenyeshamakuru wa BBC Jose Tembe mu gisagara ca Maputo, bamwe mu banyeshura baza kwiga muri iyo kaminuza y'uburimyi, amashamba n'ubuhinga ya Unizambeze, iri hagati mu ntara ya Zambezi, baramowe umushatsi.
Inkuru zitangwa n'imboneshakure yigenga ya STV, zivuga ko iyo mihango yabaye mu misi mike iheze.
Umwe mubabikorewe, Artemiza Nhantumbo yabwiye iyo mboneshakure amabi yabonye.
"Abateguye iyo mihango baratumoye imishatsi yacu. Vyari biteye ubwoba, vyari bibabaje cane. Baradutegetse kurya umwanya mukuru na muto. twaroze umwanda muto, ari na ko bazibiza amazuru yacu umwanda mukuru".
Uwundi munyeshure Quiteria Jorge, yavuze ko umunyeshure yari mu mwaka wa kabiri yabavanye mw'ishure ryabo kugira abakoreshe iyo mihango isuzuguritse.
"Baratumoye imishatsi yacu kubera ko bo bavuga ko ari miremire cane. Nararize ndarira gushika nshike muhira".
Ivyo bintu ntivyanejereje abavyeyi b'abo banyeshure, baciye basaba abarongoye iyo kaminuza gufatira ibihano ababifisemwo uruhara.
Cardoso Miguel, umugenduzi w'inyigisho za kaminuza muri iyo ntara yavuze ko amatohoza akibandanya, "uko tubona izi foto ku mbuga ngurukanabumenyi, biragaragara ko iyi nyifato idakwiye".
Komite yashinzwe izotohoza amabi buri munyeshure yakorewe, bamwe basubizwe iwabo mu gihe abandi bazirukanwa.
Imihango yo kwakira abanyeshure bashasha ntirekuwe n'amategeko ariko irakorwa cane muri za kaminuza zo muri ico gihugu, ikaba itegurwa n'abanyeshure bo mu mwaka wa kabiri.