Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Isiraheli yasubiye kwica Abanyepalestine
Abajejwe amagara y'abantu i Gaza bavuga ko abagabo babiri b'Abanyepalestine bishwe barashwe n'abasirikare ba Israel, ku nshuro igira kane y'imyiyerekano iba kuwa gatanu ku rubibe rwa Isiraheli.
Abandi Abanyepalestine babiri bivugwa ko bakomeretse igihe abasirikare ba Isiraheli bugurura umucanwa.
Abanyepalestine mirongo itatu na batandatu baramazwe kwicwa n'igisirikare ca Isiraheli kuva iyi myigaragamvyo yatangura.
Kare, Isiraheli yakororeye impapuro i Gaza zigabisha abantu ngo ntibegere canke ngo bagerageze kurengana uruzitiro rw'umutekano, imbere y'uko imyigaragamvyo itangura.
Iyo myigaragamvyo igamije gushira igitsure kuri Isiraheli ngo ireke impunzi z'Abanyepalestine ngo zisubire mu butaka zahoramwo, ubu bwigaruriwe na Isiraheli.