Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urubanza rwa Zuma rwungururijwe mu kwezi kwa gatandatu
Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Afrika y'epfo Jacob Zuma yagirizwa kurya igiturire mw'isoko ry'ibigwanisho ryatanzwe mu 1990.
Zuma agishika gusa muri sentare nkuru ya Durban, inyuma y'iminota 15, urwo rubanza rwaciye rwungururizwa kw'itariki 8 z'ukwezi kwa gatandatu.
Zuma yagirizwa ivyaha 16 bijanye no kurya igiturire n'ubunyonyezi yagize kugira yironkere amahera.
Zuma yahatiwe kuva ku butegetsi mu kwezi kwa kabiri n'aho yahakanye akarengwa ko hari ikosa yoba yarakoze.
Abamushigikiye bakwiragiye hirya no hino mu gisagara bagira imyiyerekano yo kumushigikira, mu gihe abatamwerekwa bariko baridogera sentare ko ifata umwanya muremure mu gufata ingingo.
Inyuma yo y'urwo rubanza, Zuma yashikirije ijambo abantu bari bakoraniye ngaho bari bamuherekeje muri sentare kuva muhira iwe.
"Sinari bwigere mbona aho umuntu yitwarirwa, hanyuma urubanza rugafutwa, mu nyuma inyuma y'imyaka myinshi ivyo vyaha bikagaruka". ni ko Zuma yavuze.
"Aya ni amayeri ya politike"
Inyuma y'aho, Zuma yaciye atera ururirimbo yaciye atamba ari kumwe n'abamushigikiye.