RD Congo ngo ntizitaba inama y'abagiraneza y'i Genève

Ahavuye isanamu, AFP
Igihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo) cavuze ko kitazorungika intumwa mu nama y'abagiraneza izobera i Genève mu kwezi kuza, cidoga kw'igihugu gihabwa isura mbi.
Iyo nama ifise intego yo kurondera hafi umuliyardi $1.7 yo gufasha imbabare zigeze habi cane, nkuko bivugwa n'umuryango mpuzamakungu Onu.
Umushikiranganji wa mbere mfatakibanza Jose Makila, aremeza ko igihugu gikeneye imfashanyo ariko ngw'ivyo Onu iriko irakora bisubiza inyuma abanyamitahe.
Onu ivuga ko abantu barenga imiliyoni 13 b'abanye Congo bakeneye imfashanyo.
Hafi abantu imiliyoni 4.5 bahungiye mu gihugu hagati kubera ubwicanyi, niko Onu ivuga.
RD Congo iratunze amabuye y'agaciro n'ibindi ariko ihanzwe n'indyane ziri mu gihugu, ibiturire hamwe n'uruhagarara rwa politike ruhavugwa.
Onu ivuga ko ingorane zihanze abanyagihugu zigeze ku rugero rwa gatatu, kandi ngo ni narwo rwa nyuma.
Ivyo vyatumye Onu iteguza inama y'abagiraneza itariki 13 Ukwezi kwa Kane i Genève.
Bwana Makila yagiriza Onu kurenza urugero, kuwo muryango uriko uratanga "isura mbi kuri Congo mu makungu".
"Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo yanse kuja mu nama ya Genève," niko yavuze.
Prezida Joseph Kabila ari ku butegetsi kuva mu 2001.
Ikiringo ciwe ca kabiri ari naco ca nyuma, carangiye mu kwezi kwa 12 mu 2016.
Amatora ategekanywa mu kwezi kwa 12 uno mwaka, ariko ababikurikiranira hafi bavuga ko atawuzi ko Prezida Kabila azovyemera.










