Ni igiki catumye Uburundi butitaba ibikogwa vyo gutanguza isoko rusangi rya Afrika?

Prezida Pierre Nkurunziza w'u Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Pierre Nkurunziza w'u Burundi

Uburundi ntibwarungitse intumwa mu birori vyo gutanguza isoko rusangi rya Afrika kubera imvo z'umutekano n'imigenderanire itifashe neza, niko umuvugizi wa Prezida Alain Diomede Nzeyimana yavuze.

"Igituma Uburundi butazovyitaba ni kuberako ico kibanza iyo nama yahamagariwemwo atari ikibanza twumva ko kibereye ngereranije n''imigenderanire dufitaniye n'u Rwanda muri ibi bihe. Aboba bagiye guserukira Uburundi muri izo nama ukwo ari zibiri ntibumva ko boba bafise umutekano ukwiye mu gihe cose bomara muri ico gihugu c'u Rwanda," niko Alain Diomede Nzeyimana yavuze.

Uwo muvugizi w'umukuru w'igihugu asigura ko iyindi mvo yatumye Uburundi butarungika intumwa mu Rwanda aruko ico gihugu gicumbikiye abafise intego yo kudurumbanya umutekano w'Uburundi.

"Ikigira gatatu nuko abantu bose bashatse gutembagaza ubutegetsi ngaha mu Burundi igenekerezo rya 13 ukwezi kwa Gatanu mu 2015 biruhukiye mu Rwanda bapfungurigwa bagahabwa ibikenewe vyose kugira ngo babandanya bagira imigambi igayitse yo kuguma babandanya gutera igihugu. Tukaba rero tubona ko atari igihe ciza co kurungika intumwa mu Rwanda."

Bwana Nzeyimana arongera akavuga k' Urwanda rutubahiriza amategeko mpuzamakungu, akarwagiriza guha imyimenyerezo ya gisirikare impunzi z'abarundi.

Igihugu c'Urwanda gicumbikiye impunzi z'abarundi zirenga 85000, zimwe ziba mu miji , izindi ziri mu nkambi ya Mahama iri mu bumanuko bw'igihugu.

Mu cegeranyo akana kajejwe umutekano ka Onu kasohoye mu 2016, kavuga ko hari impunzi z'abarundi zikoresherezwa imyimenyerezo ya gisirikare mu Rwanda, ariko ubutegetsi bwa Kigali bwarabihakanye.

Prezida Kagame yavuze ko Uburundi "bwari bukwiye kuraba ingorane bufise nk'izabwo, hakugerageza kwumvisha amakungu ko ari ingorane zavukiye ahandi."

Ku vy'iryo soko ritangujwe i Kigali, umuvugizi wa Prezida Alain Diomede Nzeyimana yavuze ko Uburundi buzihwereza hamwe n'ibindi bihugu kw'uwo mugambi wogirira akamaro abarundi, munyuma buheze buwemeze.

Imigenderanire y'ibihugu vy'Uburundi n'Urwanda ntiyifashe neza kuva mu mwaka w'i 2015, igihe Prezida Pierre Nkurunziza afatiye ingingo yo kurondera munyuma akaja ku butegetsi ku kiringo ca gatatu.

Kuva ico gihe imyiyerekano yo kuvyiyamiriza yakurikiye, yatumye abantu benshi batakaza ubuzima, abandi bahungira mu bihugu bibanyi mu Rwanda, Repubulika Iharanira demokarasi ya Congo, Tanzania na Uganda.