Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rodrigo Duterte yakuye Philippines muri sentare ya CPI
Umukuru w'igihugu ca Philippines, Rodrigo Duterte, yakuye igihugu ciwe muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu, nyuma y'ukwezi itanguye kwihweza urugamba rwiwe ku biyovyabwenge.
Abicishije mu rwandiko, yavuze ko ivyagiriji vy'iyo sentare kuri we "ata shingiro bifise, ari akataraboneka kandi ngo ni akamaramaza".
Ibihumbi vy'abantu barishwe n'abapolisi canke abantu batamenyekanye, kuva aho bwana Duterte agiriye ku butegetsi haciye imyaka ibiri, agatanguza igikorwa co kurandura muri Philippines ibiyovyabwenge bitemewe.
Sentare mpanavyaha mpuzamakungu ifise icicaro i La Haye mu Buholandi, yatanguje itohoza ryo ku ntambwe ya mbere kuri izo mpfu.