May ngo ntiyakoze ibikwiye ku kibazo ca Sergei Skripal

Inzu y'akavuna musase Zizzi aho igitero c'ubumara cagabwe kuri Sergei Skripal n'umukobwa wiwe irugawe kuva kuwa mbere
Insiguro y'isanamu, Inzu y'akavuna musase Zizzi aho igitero c'ubumara cagabwe kuri Sergei Skripal n'umukobwa wiwe irugawe kuva kuwa mbere

Umwongereza akomeye mu nama nshingamateka y'Ubwongereza yavuze ko atangajwe no kubona umushikiranganji wa mbere Theresa May adakurikirana Uburusiya, ku gitero c'ubumara cagabwe ku murusiya yigeze gukora mu gisata c'iperereza.

Tom Tugendhat, arongoye umugwi w'imigenderanire n'amakungu mu nama nshingamateka, yabwiye BBC ko gusinzikaza ubuzima bwa Sergei Skripal n'umukobwa wiwe Yulia hakoreshejwe ubumara, bisa naho leta ariyo yakoresheje uwo mugambi uteye isoni wo kurondera kwica.

Madamu May hamwe n'abashikiranganji uno munsi niho bahabwa icegeranyo ku vyabaye mu minsi umunani irangiye mu gisagara ca Salisbury kiri mu bumanuko.

Baraza kuja inama ku ngingo yofatigwa Moscou igihe vyoba bimenyekanye ko Uburusiya bubifisemwo uruhara.

(Bwana Tugendhat avuga ko ibihano vyotomogwa neza, bigafata cane cane abanyuruje itunga ry'abanyagihugu b'Uburusiya baba bashaka kurira ivyo bivye i Londres.)