Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubufaransa n'Ubuhindi vyakomeje imigenderanire
Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi Narendra Modi bakeje intambwe nshasha yo gufashanya mu vya gisirikare, ivy'uguteza imbere imiji no mu masoko ntanganguvu.
Bari mu gisagara ca Delhi ku munsi wa mbere w'urugendo rwa Prezida Macron mu Buhindi, abo bategetsi babiri bemeranije kugira imigenderanire ya hafi ku bijanye n'ibahari Indiyano.
Irimwo uguhererekana amakuru ku bijanye n'iperereza, kugenderanira ku birindiro vyo mu mazi hamwe no kugenzurira hamwe ako karere.
Ababikurikiranira hafi bavuga ko iyo ntambwe ishobora gutuma Ubushinwa bubona ko hari uwundi mugabo w'ijunja muri ako karere.
Prezida Macron yavuze ko intego yiwe aruko Ubufaransa kiba igihugu ca mbere ku mugabane wa Buraya, gicuditse n'Ubuhindi mu vy'ubudandaji.