Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sentare mpuzamakungu yongereye Jean Pierre Bemba igihano
Jean Pierre Bemba yari yitwaye mu rwego rusubiramwo imanza rwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, inyuma yo guhabwa umunyororo w'umwaka ku caha co guha ruswa amasura yiwe.
Uwo munyororo w'umwaka wiyongera ku yindi 18 yakatiwe kubera ivyaha vyo mu ntambara vyakozwe muri Republika ya Centrafrika muri 2002.
Abacamanza bo kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha bafashe ingingo y'uko urubanza yari yaciriwe mbere rutari rukwiye ahubwo akwiye kwongererezwa igihano.
Bwana Bemba, asanzwe ari umugwizatunga, yari yatoje ku mwanya w'umukuru w'igihugu mu 2006 muri Congo -Kinshasa, ariko Joseph Kabila aramutsinda.