Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Canada na Mexique vyatezuriwe na Amerika ku makori y'ivyuma
Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House vyamenyesheje ko hari ibihugu bishobora gutezurigwa ku makori mashasha y'ivyuma vyinjira muri Amerika.
Ukwo gutezurigwa gushingiye ku mutekano w'igihugu, kuzogirigwa Canada na Mexique, nkuko umuvugizi wa White HGouse Sarah Sanders yavuze.
Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko ivyuma vyo mu bwoko bwa "acier" bizorihishwa 25%, ivyo mu bwoko bwa "aluminium" 10%, yitezwe gushira umukono kuri iryo tegeko ku munsi wa kane.
Hagataho igihugu c'Ubushinwa cagabishije kivuga ko kizofata "inyishu ibereye kandi ikenewe" mu ngwano y'ubudandaji iyariyo yose na Amerika
Umushikiranganji w'imigenderanire Wang Yi yavuze ko Ubushinwa na Amerika vyari bikwiye kwumva ko bakorana hakuba abakeba.
Umuryango wa Buraya wavuze ko uzofata ingingo zo kwihora ku bidandazwa biva muri Amerika birimwo bourbon n'amavuta yo gusiga y'ivyema.
Madamu Sanders avuga ko Prezida ashobora gusinya ayo mategeko mu mpera z'ino ndwi.
Yongeye abandanya avuga ati: "Hari ibihugu bishobora kutarabwa n'uwo mugambi nka Mexique na Canada kubera imvo z'umutekano, bigashoboka ko n'ibindi bihugu bishobora kugirigwa ukwo muri ubwo buryo. Ivyo bizokogwa hihwejwe igihugu kimwe kimwe ivyaco."