Ibihe kumenyekanisha ibidandazwa hakoreshejwe abagore vyataye ababikoze ku wamazi

Abamenyekanisha ibidandazwa barahinyuye ko abantu bakurikira cane iyo ico gikorwa gikorewe ku bagore.

Ivyo vyatumye havuka ikintu ciswe femvertising, kumenyekanisha ibidandazwa ukoresheje abakobwa n'abagore bafise impano, gukoresha amafoto y'abagore, kurungika ubutumwa ukoresheje abagore, ivyo bikaba bimaze imyaka irenga 25 bigenda neza.

Hari igihe iyo bikozwe, usanga biteye kubiri n'ivyo abagore n'abakobwa bipfuza, bigashobora gutuma ikidandazwa cawe kirabwa nabi canke cankwa.

Mu bikurikira murabona ingene kumenyekanisha ibidandazwa uciye ku bagore bitagenze neza na gato.

Abanywa whisky babwiye Jane Walker ati "ibandanirize"

Ihinguriro Diageo, rikora ibinyobwa bikaze cane kandi rifise inzoga nyinshi rikora, ryisanze mu yabira mu mayinga make arangiye.

Ivyo vyatewe nuko ryari ritanguje inzoga nshasha "Jane Walker" mu guhimbaza ukwezi kwahariwe amateka y'umugore muri Amerika.

Ihinguriro Diageo ryamenyesheje ko gutanguza Jane Walker bizotuma haba akarusho, ariko sikwo vyagenze ahubwo vyatumye abantu batangura kwidoga, vyunyugwa n'ivyashikirijwe na Stephanie Jacoby, icegera c'uwurongoye JW muri Amerika aho yagize ati: "Scotch ituma abagore bumva ubwoba", niko yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Bloomberg.

Uretse ivyagiye biravugwa ku mbuga hwaniro, uwundi mugabo Stephen Colbert ashikiriza ikiganiro co gutwenza The Late Show kuri televiziyo muri Amerika nawe avuga ati:

"Abagore b'abanywi aho bari hose bazogira bati: "Ikinyobwa kinsubiza hasi". Bagore n'abigeme gumiza amaso kuri Jill Beam na Jacqueline Daniels."

Jacoby yavuze ko uwo mugambi abantu batawutegereye.

Dove ihinguriro rikomeye rigeramiwe

Ihinguriro Dove ryatangujwe mu 1994 rikaba rizwi mu kuba ryarashize ahabona ubwiza bw'umukobwa ata kuraba ukwo angana, imyaka afise, urukoba, ibara ry'imishatsi n'ibindi.

Iryo hinguriro ryaragiye mu ngorane mu mwaka uheze, igihe umukobwa w'umwirabure ari iruhande y'icupa rya Dove yo kwiyoga, wabona akura impuzu agahindukamwo umugore w'umwera atwenga.

Abantu benshi bafashe ko iryo hinguriro rifise amacakubiri ashingiye ku rukoba.

Dove yo yarasavye ikigongwe ivuga ko ari amakosa yabaye.

"Iyo video y'uwo mukobwa ngo yashaka kwerekana ko Dove yo kwiyoga ari iy'umugore uwariwe wese, ko abantu bakwiye kunezerezwa nuko ari iya bose, ariko ngo siko abantu babitegeye," niko umuvugizi w'iryo hinguriro yavuze.

Ikaramu ya BIC yakweze uruhagarara

Ikigo BIC kiri mu vya mbere kw'isi bikora ibikoresho vyo mu biro, carihaye amenyo y'abatwenzi mu 2012 inyuma yaho gikoreye amakaramu y'ibara rya "rose" na "violet" agenewe abagore.

Izo karamu zari zakorewe abagore uravye ingene zisa n'ingene zikoze, zikaba zandika n'indome ntonto kubera irangi bari bazigeneye.

Ikigo BIC cegereye umugore akina ivyo gutwenza Ellen DeGeneres ngo akibere umuvugizi.

Uwo mugore yaranse ako kazi, yongera aca atangura kunegura izo karamu mu kiganiro ciwe ca televiziyo.

Ikindi nuko izo karamu zari zizimvye kurusha izindi.

Mu 2015, BIC yaragiye kandi mu ngorane umunsi wahariwe abagore "Women's International Day" muri Afrika Yepfo aho abagore bari bakuriwe "gusa n'abakobwa, gukora nk'abakenyezi no kwiyumvira nk'abagabo".

Gukoresha abagore batikwije mu kumenyekanisha ibidandazwa

Mu 2015, ikigo kigurisha ingaburo Protein World caridogewe inyuma yaho gishatse kumenyekanisha ivyo kigurisha gikoresheje amashusho y'umukobwa yambaye bikini kigashira iruhande yiwe ikibazo: "Umubiri wawe woba ugeze kuja ku mucanga ku kiyaga?"

Abagore babonye ayo mashusho baciye biha amabarabara no mu kibanza co kuruhukiramwo Hyde Park, basaba ngo ayo mashusho amanugwe.

Benshi bavuga ko ari gutukisha abagore n'abakobwa mu kumanika amashusho y'umukobwa ameze ukwo.

Protein World yaciye ifata iya mbere mu kwidogera "abantu bari ku rushi batipfuza kubona abantu bipfuza kugira amagara meza, bahagaze neza kandi bafise amagara."

Inzoga yotuma umuntu ahohotegwa?

Carnaval mu gihugu ca Brésil ni igihe co kuryohegwa, aho abamenyekanisha ibidandazwa badatangwa.

Ariko ikigo gikora inzoga yo mu bwoko bwa Skol caragize ivyago, igihe cagirijwe guhimiriza abantu guhohotera bishingiye ku gitsina.

Ivyo vyavuye ku vyanditswe ngo "siga ijambo oya imuhira" igihe co kuryohegwa.

Ukwo kwamamaza ibidandazwa kwagenze nabi inyuma yaho haziye abantu bagahindura ivyanditse bati "siga ijambo oya imuhira, ariko uze uzanye ijambo "nta na gato"."

Mu minsi yakurikiye, ikigo Anheuser-Busch InBev caciye gikuraho izo nyandiko, kizisubiriza n'izindi zanditsweko "ubahana".

Kwakurira abigeme mw'ikarashishi ukoresheje icamwa ca "poire"

Ikigo gikoresha ikarashishi mu ntumbero yo kubungabunga amagara, Gold's Gym, caragiye mu ngorane inyuma yaho ishami ryaco ry'i Cairo rishatse kurondera abakiriya b'abigeme, gisanga cabateje isoni mu gutukisha umubiri w'umukobwa mu 2016.

Abantu baridoze, ndetse n'umukinyi wa sinema Abigail Breslin abijamwo.

Ibiro bikuru vy'ico kigo biri muri Amerika, vyaciye bisaba ikigongwe, bica vyaka ubuserukizi vyahaye ico kigo co mu Misiri.