Umurundikazi yatahanye umudari wa zahabu mu gusiganirwa ahugaye

Umunonotsi w'Umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye atahukanye umudari w'inzahabu mu ihiganwa ryo gusiganwa ahugaye ryabereye mu Bwongereza.

Francine Niyinsaba, yireutse metero 800 mu munota 1:58.3, akurikirwa n'umunyamerikakazi Ajee Wilson nawe yagize ico kierere mu 1:58.99.

Aba banonotsi kandi niko bakurikiranye mu mahiganwa mpuzamakungu yo mu mwaka uheze.

Francine Niyinsaba yavuze ko yashimishijwe n'intambwe yabonye agezeko muri iryo higanwa ryabereye mu muji wa Barmingham.

Yibukije ko mu gihugu c'Ubwongereza ariho asa n'utanguriye kuba icamamare mu mahiganwa mpuzamakungu, igihe yahiganwa mu nkino za Olympic zo mu 2012, agatahukana ikibanza c'indwi.