Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umurundikazi yatahanye umudari wa zahabu mu gusiganirwa ahugaye
Umunonotsi w'Umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye atahukanye umudari w'inzahabu mu ihiganwa ryo gusiganwa ahugaye ryabereye mu Bwongereza.
Francine Niyinsaba, yireutse metero 800 mu munota 1:58.3, akurikirwa n'umunyamerikakazi Ajee Wilson nawe yagize ico kierere mu 1:58.99.
Aba banonotsi kandi niko bakurikiranye mu mahiganwa mpuzamakungu yo mu mwaka uheze.
Francine Niyinsaba yavuze ko yashimishijwe n'intambwe yabonye agezeko muri iryo higanwa ryabereye mu muji wa Barmingham.
Yibukije ko mu gihugu c'Ubwongereza ariho asa n'utanguriye kuba icamamare mu mahiganwa mpuzamakungu, igihe yahiganwa mu nkino za Olympic zo mu 2012, agatahukana ikibanza c'indwi.