Burkina Faso: Abajejwe umutekano batesheje igitero

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubutegetsi bwa Burkina Faso bwavuze ko inteko zijejwe umutekano zatesheje igitero cagira cibasire ibiro vy'umukuru w'igihugu ku munsi wa Mungu mu gitondo.
Bino bikurikiye ibitero bibiri vyagabwe ku munsi wa gatanu ku mugwa mukuru Ouagadougou, aho niburiburi abantu 16 bapfuye.
Umugwi ucuditse na Al-Qaïda waremanze ko ariwo wakoze ivyo bitero.
Amakuru aturuka mu butegetsi yashikiriye itororokanirizo ry'amakuru AFP, avuga ko umugwanyi w'umu jihadiste yafashwe ko ariko araburanishwa.
Ayo makuru avuga ko abashoboye kwinjira mu gisirikare, aribo bahaye amakuru abagavye ivyo bitero.






