Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ivanka mu baserukira Amerika mu birori vya nyuma vya Pyeongchang 2018
Trump Ivanka avuga ko yatewe iteka kurongora umugwi userukira Amerika mu birori vya nyuma vya Olympique
Umukobwa wa Prezida wa Amerika, Ivanka Trump yashitse muri Korea Yepfo arongoye umugwi wa Amerika mu birori vya nyuma vya Olympique yo mu bihe vy'imbeho nyinshi yo mu 2018.
Se wiwe Donald Trump hamwe n'umugwi wa Olympique, bamusavye kuja muri ivyo birori, nkuko amakuru ava muri White House avuga.
Umwe mu basirikare bakomeye bo muri Korea ya Ruguru, Jenerali Kim Yong-chol, nawe nyene azoba ari muri ivyo birori bitegekanijwe ku munsi wa Mungu.
Naho biruko, ubutegetsi bwa Korea Yepfo buvuga ko ata nama itegekanijwe hagati ya Korea ya Ruguru hamwe na Amerika.
"Ndatewe iteka kurongora umugwi userukira Amerika mu birori vyo gusozera inkino za Olympique z'igihe c'imbeho nyinshi zo mu gisagara ca Pyeongchang," niko Ivanka yavuze mw'itangazo ryasohowe na White House.
"Twiteze gushimira umugwi wa Amerika, twigine n'ivyo abanonotsi bacu bashitseko."
Uwujejwe itangazamakuru muri White House Sarah Sanders, ni umwe muri batanu bagize uwo mugwi waserukiye Amerika.
Ivanka Trump azosangira ku meza imwe na Prezida wa Korea Yepfo Moon Jae-in ku munsi wa gatanu ku mugoroba, nkuko itangazamakuru rya Korea Yepfo ryabimenyesheje.
Inkino za Olympique zatanguye itariki 9 Ukwezi kwa kabiri, zibera mu gisagara ca Pyeongchang muri Korea Yepfo.