Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Icegera c'umushikiranganji wa mbere yakinjuye muri Australia
Icegera c'umushikiranganji wa mbere, Barnaby Joyce yatanze imihoho mu gihugu ca Australia, avuga ko avuye muri leta no mu burongozi bw'umugambwe National Party.
Ashikirije iyo ngingo hari haheze igihe asabwa gutanga imihoho, mu kuba yakundanye n'umwe mu bakozi biwe.
Uwo mugabo yagirizwa kandi guhohotera bishingiye ku gitsina, umuntu izina ryiwe ritashizwe ahabona.
Umushikiranganji wa mbere, Malcolm Turnbull, yari yaneguye icegera ciwe avuga ko atamenye ingene avyifatamwo kandi yari yarihanikije imibonano mpuzabitsina hagati y'abashikiranganji n'abakozi babo.
Bwana Joyce ku rundi ruhande yagirije umushikiranganji wa mbere kubabaza umuryango wiwe, mu gushikiriza amajambo adakenewe.