Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Conte avuga ko Chelsea idatera imbere ku kutagura abakinyi
Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yemeza ko bimugora cane kugondoza abarongoye umugwi kugura abakinyi bashasha.
Uwo mugwi watahukanye igikombe ca Premier League mu mwaka uheze, ntiwashoboye kugura abakinyi bashasha mu karyo ko kurondera abakinyi bashasha ko mu kwezi kwa mbere.
Uwo mugabo w'imyaka 48 aturuka mu gihugu c'Ubutaliyano, avuga ko akwiye kuraba ingene yomenya kugondoza.
"Nkwiye kuvugana n'abandi bamenyereza vyorohera kugondoza imigwi yabo igatanga amahera yo kugura abakinyi bakomeye," niko yavuze.
"Nibaza ko vyantaye kuw'amazi mu kugerageza kugondoza umugwi ngo ugure abakinyi. Nibaza ko kuri ico kintu nkwiye gukora cane.
"Nkwiye kwigira ku bandi bamenyereza kuri ico kintu."
Mu kwezi kwa mbere Conte yamenyesheje ko anezerejwe n'ingene babanye na Chelsea, ashaka kwishura abavuga ko imigenderanire yiwe na nyen'umugwi Roman Abramovich yoba itifashe neza.
Abramovich ngo yoba yashavujwe nuko Conte yavuze ko atahawe uburenganzira bwo kurondera abakinyi uno mwaka.
Ariko Conte yemeza ko ashobora gukora neza n'abakinyi afise muri kino gihe.
"Igikogwa canje ni kuzamura umukinyi umwumwe wese, ku mpande zose - hamwe n'ukuntu biyumvira. Kuri ivyo, ndazi ko mpagaze neza," niko yavuze.