Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea Yepfo iracatenyenya ku butumire bw'iya Ruguru
Umushikiranganji wa mbere wa Korea Yepfo, Lee Nak-yeon yamenyesheje ko hari ibintu bitandukanye bikwiye gukogwa imbere yuko umukuru w'igihugu yemera guhura n'indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong-un.
Ubwo butumire bwazanywe na mushiki wa Bwana Kim ari mu biganiro na Prezida wa Korea Yepfo, Moon Jae-in, ku munsi wa gatandatu.
Ibigo vy'itangazamakuru vyo muri Korea ya Ruguru vyavuze ko ata buryarya bwarimwo kandi ko yari iya kivandimwe -- ariko ntivyavuga ku nama y'abakuru b'ibihugu yoba hagati ya Kim Jong-un na Bwana Moon i Pyongyang.
Ka gihugu kigenzi ca Korea Yepfo, Leta Zunze Ubumwe za Amerika isa niyidashobora kwemera iyo nama hagari y'abo bategetsi babiri ba Korea zose, kiretse iya Ruguru yemeye kuganira ku mugambi irimwo w'ibigwanisho vy'ubumara.
Icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika Mike Pence we yavuze ko igihugu ciwe na Korea Yepfo bumvikana ku kuguma barondera kugondoza Korea ya Ruguru kuri uwo mugambi.
Mu majambo yashikirije asubiye mu gihugu avuye mu nkino za Olympique z'igihe c'imbeho nyinshi muri Korea Yepfo, Bwana Pence yavuze ko "ata muco" abona hagati y'ivyo bihugu bibiri.
Izo Korea zarafatanye mu nda mu nkino za Olympique naho hari uruhagara rutegwa n'umugambi wa Korea ya Ruguru wo gukomeza ibigwanisho ruhonyanganda.