Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugwi umwe wa "Olympique" wa Korea Yepfo n'iya Ruguru
Umukuru w'igihugu ca Korea Yepfo yasavye ko Korea ya Ruguru hamwe n'i Yepfo batunganiriza hamwe umugwi wa Olympique, woja mu mahiganwa "Winter Games" ategekanywa mu 2018.
Moon Jae-in yavuze ko yizeye ko hagaruka ibihe ivyo bihugu ukwo ari bibiri vyarungika umugwi umwe mu mahiganwa mpuzamakungu, bakagirira defile mu mugwi umwe.
Korea ya Ruguru ntiremeza ko izorungika abanonotsi bayo mu mahiganwa ya "Winter Games" azobera mu gisagara ca Pyeongchang muri Korea Yepfo.
Bwana Moon yasavye ko Korea ya Ruguru n'i Yepfo, zisa n'iziri mu ngwano muri kino gihe, zosabira hamwe kuzokwakira igikombe ca 23 c'umupira w'amaguru c'isi yose.