Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ONU isaba umuriyaridi w'amadolari yo gufasha Nigeria
Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryatabaje risaba umuriyaridi w'amadolari ya Amerika, yo gufasha abashegeshwe n'urwimo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.
ONU ivuga ko ingorane ziri muri ako karere ziri mu zikomeye kw'isi, abantu bashika hafi imiriyoni cumi bakaba bakeneye imfashanyo.
Abarwanyi ba ki Islam b'umugwi Boko Haram bamaze hafi imyaka cumi bagaba ibitero bananyuruza abantu muri ako karere.
Vyatumye abantu bateshwa izabo ku bwinshi, inyubako za leta zirasambuka, ibikorwa vya nkenerwa vyo ku rwego rwo hasi bikaba bitakirangurwa.