Amerika isaba Prezida Kiir gutanguza ibiganiro

Nikki Haley yavuze ko Bwana Kiir adakwiye kuri Amerika mu bibazo vy'amahoro

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nikki Haley yavuze ko Bwana Kiir adakwiye kuri Amerika mu bibazo vy'amahoro

Uwuserukira Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Sudani Yepfo yabwiye BBC ko kubona Amerika yarakumiye Sudani Yepfo ku masoko y'ibigwanisho bisa no kurungikira ubutumwa Prezida Salva Kiir ngo aje mu biganiro.

Michael Morrow, chargé d'affaires wa Amerika i Juba, yavuze ko igihe c'amajambo carangiye, ko leta ya Sudani Yepfo ikwiye gufata iya mbere mu biganiro.

Amajambo yashikirije akurikiranye n'itangazo ry'uwuserukira Amerika muri Onu (Nikki Haley) yavuze ko Bwana Kiir adakwiye gukorana na Amerika mu bibazo vy'amahoro.

Ingwano yasubiye kwaduka ku kutumvikana hagati ya Riek Machar (i bubamfu), igihe yari icegera ca Salva Kiir (i buryo)

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ingwano yasubiye kwaduka ku kutumvikana hagati ya Riek Machar (i bubamfu), igihe yari icegera ca Salva Kiir (i buryo)

Abantu bashika imiliyoni zine barakuwe mu vyabo n'ingwano, igice c'abanyagihugu bose kikaba kiri mu ngorane zo kuronka ibifungugwa.