Amerika isaba Prezida Kiir gutanguza ibiganiro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwuserukira Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Sudani Yepfo yabwiye BBC ko kubona Amerika yarakumiye Sudani Yepfo ku masoko y'ibigwanisho bisa no kurungikira ubutumwa Prezida Salva Kiir ngo aje mu biganiro.
Michael Morrow, chargé d'affaires wa Amerika i Juba, yavuze ko igihe c'amajambo carangiye, ko leta ya Sudani Yepfo ikwiye gufata iya mbere mu biganiro.
Amajambo yashikirije akurikiranye n'itangazo ry'uwuserukira Amerika muri Onu (Nikki Haley) yavuze ko Bwana Kiir adakwiye gukorana na Amerika mu bibazo vy'amahoro.

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu bashika imiliyoni zine barakuwe mu vyabo n'ingwano, igice c'abanyagihugu bose kikaba kiri mu ngorane zo kuronka ibifungugwa.






