Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Maroc yegukanye igikombe ca CHAN
Igihugu ca Maroc caraye gitahukanye igikombe ca Afrika ry'ihiganwa ry'ibihugu rihuza abakinyi basanzwe bakinira gusa mw'ivyo bihugu mu gutsinda Nigeria 4-0.
Igitsindo ca mbere ca Maroc cinjijwe na Zakaria Hadraf igice ca mbere kigiye kurangira, munyuma umukinyi Peter Eneji arasohogwa mu gihe yari ahejeje kuronka ikarata y'umuhondo ya kabiri.
Walid El Karti niwe yinjije igitsindo ca kabiri ca Maroc, Zakaria Hadraf yarafise amahigwe muri urwo rukino yinjiza ubwa kabiri igitsindo kigira gatatu ku kibuga ca Marrakech.
Intsinzi yagiye gutsimbatazwa na Ayoub El Kaabi yinjije igitsindo kigira kane ku munota wa 73, aba ashikanye ibitsindo icenda kuva iryo higanwa rihuza abakinyi bakinira mu bihugu gusa ritanguye.
Iryo higanwa ritunganywa ukwo imyaka ibiri irangiye, rikinisha abakinyi bavuye mu mahiganwa y'ibihugu gusa.