Abasirikare benshi ba Turkia biciwe mu ntamabara y'i Afrin

Wabaye umusi gisirikare ca Turkia cabuze abasirikare benshi mu ntambara yo gutuza abagwanyi b'aba Kurde mu buraruko bwa Syria, aho hishwe abasirikare indwi.

Batanu bapfuye igihe ikimodoka kitamenwa barimwo caterwa mu karere ka Afrin.

Umushikiranganji wa mbere Binali Yildirim yemereye abo bagwanyi " kubaryoza ivyo bakoze incuro zibiri" kandi mu nyuma indege zaciye zitera mu buraruko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Afrin.

Intambara yiswe "Olive Branch" yatanguye itariki 20 z'ukwezi kwa mbere mu ntumbero yo gutuza abagwanyi b'aba Kurde b'umuhari YPG mu karere ka Afrin.

Turkia gifata umuhari wa YPG (People's Protection Units) nk'umugwi w'iterabwoba kandi ukorana n'uwa PKK watujijwe muri Turkia, umaze imyaka mirongo itatu ugwanira ukwikukira kw'akatere k'ubumanuko bushira uburengero bwa Turkia.

Turkia ivuga ko vyagenze gute?

Mw'itangazo, igisirikare kivuga ko umuhari wa YPG ufashwe mu mugongo na Amerika wagize igitero ku kimodoka kitamenwa i Sheikh Haruz, mu buraruko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Afrin.

Abandi basirikare bari bishwe imbere y'aho, nk'uko bivugwa n'igisirikare, umwe i Afrin uwundi ku ruhande rwa Turkia u gitero cabereye ku rubibe cagirizwa umuhari YPG.

Gushika ubu Turkia kimaze kuburira abasirikare 14 muri iyo ntamabara.