Abantu babarirwa mu magana bafashwe muri Ethiopia

Imyigaragambyo muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imyigaragambyo yatangiye mu kwezi gushize nyuma y'uko polisi yarasaga abantu bari mu masengesho yica batanu

Amakuru ava muri Ethiopia aravuga ko abantu babarirwa mu majana batawe muri yombi mu gihe cy'imyigaragambyo yamagana leta mu karere ka Amhara mu majyaruguru y'igihugu.

Abaturage baravuga ko abashinzwe umutekano bamaze igihe bagenda inzu ku nzu bata muri yombi abantu.

Imyigaragambyo yatangiye mu kwezi gushize nyuma y'uko polisi yarasaga abantu bari mu masengesho yica batanu.

Mu turere twa Oromia na Ahmara tumaze igihe havugwamo umutekano muke.
Insiguro y'isanamu, Mu turere twa Oromia na Ahmara tumaze igihe tuvugwamo umutekano muke.

Abategetsi muri Etiyopiya baherutse gutangaza ko ifungurwa ry'abantu benshi barimo abanyapolitike n'impirimbanyi.

Mu gihe cy'imyaka itatu ishize abatavuga rumwe na leta bakora imyigaragambyo, abantu babarirwa mu majana barishwe.