Papa Francis agiye gutanguza itohoza ku mabi yakorewe abana muri Chili

Hari abidoga basaba Papa ngo arabe ico yokora ku mabi akoregwa abana muri Chili

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Hari abidoga basaba Papa ngo arabe ico yokora ku mabi akoregwa abana muri Chili

Papa Francis agiye kurungika umuhinga wa Vaticano ku bijanye n'amabi ashingiye ku gitsina muri Chili, kugira ngo atohoze ku biregwa umusenyeri avugwa ko yoba yarapfukiriye amabi akogwa n'umupatiri.

Papa yarahuye n'abakorewe amabi n'uwo mupatiri mu rugendo aherukamwo, ariko munyuma yemeza ko Musenyeri Juan Barros ari intungane, yagiriza abanyagihugu kurondera kumucafuza.

Munyuma yarasavye ikigongwe ku majambo yashikirije.

Abidogera ivyabaye bavuga ko kuba yaratowe ngo agenwe kuba Musenyeri vyari bikwiye gusubirwamwo, bagasaba ngo hagire igikogwa.

Mw'itangazo ryasohowe ku munsi wa kabiri, bivugwa ko hari amakuru mashasha yasohotse ku bijanye n'ayo mabi, rigatangaza ko Musenyeri Mukuru Charles Scicluna w'i Malta asanzwe akora amatohoza, yoba agira aje mu gihugu ca Chili ngo yumvirize abipfuza gushikiriza amakuru bafise ku bijanye n'ayo mabi.

Arazwi mu kuba yarakurikiranye imanza ziregwamwo ubutegetsi bwa Vaticano kuva mu 2002 gushika mu 2012.

Musenyeri Barros nta caha yegekwako ku vyerekeye ayo mabi, ariko akazizwa ko ariho yari igihe umupadiri Fernando Karadima, yasambanya abana b'abahungu.

Karadima yagirizwa gusambanya imisore myinshi y'i Santiago, kuva mu mwaka w'i 1980.

Ubutegetsi bwa Vaticano bwasanze afise ivyaha, aca aciribwa igihano co "kwigaya no gusenga" ubuzima bwose, ariko ntiyigeze akurikiranwa n'ubucamanza bwa Chili.